Déclaration du Front du Peuple Murundi - Abatabazi

Front du Peuple Murundi-Abatabazi

FPM-Abatabazi
http://www.adn-burundi.org
abatabazi@gmail.com

Kuwa 18 Ruheshi 2012


Itangazo : 2012/6/18-01



Barundi, barundikazi,

Tubaramukije amahoro mumitima yanyu.

Nkuko mubizi ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo, ububeshi n’ibindi vyarafashe icicaro mugihugu cacu. Kandi aho ivyo birangwa harangwa inzara, ubukene n’amarira. Nico gituma, twifatanije n’abandi barushe, twagiye hamwe ngo dushobore gutabara abarundi n’uburundi, amazi atararenga inkombe

Nkuko hari abagwana ingwano yo mumwuka, hakaba abagwana ingwano yo mubumenyi, Front du Peuple Murundi-Abatabazi (FPM-Abatabazi) tugwana ingwano yo mubiriri. Abatabazi tukaba turi urwego rwa gisirikare rw’Isezerano ry’Imana ku Gihugu c’uburundi (ADN-Burundi).

Mugutangura twabaramukije amahoro, ariko twese turazi neza ko amahoro aharaninirwa, kandi ababujije amahoro n’iterambere abarundi barabizi. Nico gituma :

  • dusavye leta ngo yemere, yicarane nabatavuga rumwe nayo, aba société civile, hamwe n’abashingantahe, kugira batorere umuti ingorane zimereye nabi abanyagihugu. Inkuru zikaba ari :


  1. Umutekano, n’ubwicanyi vyimonyogoje mugihugu
  2. Ubukene n’inzara bimereye nabi abanyagihugu
  3. Akarenganyo, nifungwa ry’abanyapolitique
  4. Gusubiramwo Ibwirizwa shingiro, kuko uko rimeze rikingira abatwara mugukora ibidakorwa, kandi bakaguma bidegenvya

 

Ivyo nivyakorwa, azoba ari intango yokuva mukaga turimwo.


  • Dusavye, intwaramiheto nabapolisi babajwe nibiriko biraba mugihugu, ko bokwitandukanya n’iyi leta, bagifise ayo bacira nayo bamira, kuko aho bukera kabiri birabakomerana, ukwihangana kwabanyagihugu kurafise aho kutarenga kandi  ntanimpavu yogupfira ubasa kanatsinda hagwana umutima .


Nawe murundi, murundikazi, ukaba urushe kubwaho igihugu kigeze, FPM-Abatabazi tuguhaye ikaze, ngo dufatane munda mugutabara uburundi Imana yaduhaye.
Imana ihezagire uburundi
Murakoze

Major Nzambiyakira Fidel
Umuvugizi wa FPM-Abatabazi


Colonel Mutoni Jean-Claude 
Chef d’Etat Major 
FPM-Abatabazi 


Colonel Ntwari Israël
Vice-président Chargé de la Défense
ADN-Burundi



27/06/2012
0 Poster un commentaire

A découvrir aussi


Inscrivez-vous au blog

Soyez prévenu par email des prochaines mises à jour

Rejoignez les 4 autres membres