Déclaration du Front du Peuple Murundi - Abatabazi
FPM-Abatabazi
http://www.adn-burundi.org
abatabazi@gmail.com
Kuwa 18 Ruheshi 2012
Itangazo : 2012/6/18-01
Barundi, barundikazi,
Tubaramukije amahoro mumitima yanyu.
Nkuko mubizi ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo, ububeshi n’ibindi vyarafashe icicaro mugihugu cacu. Kandi aho ivyo birangwa harangwa inzara, ubukene n’amarira. Nico gituma, twifatanije n’abandi barushe, twagiye hamwe ngo dushobore gutabara abarundi n’uburundi, amazi atararenga inkombe
Nkuko hari abagwana ingwano yo mumwuka, hakaba abagwana ingwano yo mubumenyi, Front du Peuple Murundi-Abatabazi (FPM-Abatabazi) tugwana ingwano yo mubiriri. Abatabazi tukaba turi urwego rwa gisirikare rw’Isezerano ry’Imana ku Gihugu c’uburundi (ADN-Burundi).
Mugutangura twabaramukije amahoro, ariko twese turazi neza ko amahoro aharaninirwa, kandi ababujije amahoro n’iterambere abarundi barabizi. Nico gituma :
- dusavye leta ngo yemere, yicarane nabatavuga rumwe nayo, aba société civile, hamwe n’abashingantahe, kugira batorere umuti ingorane zimereye nabi abanyagihugu. Inkuru zikaba ari :
- Umutekano, n’ubwicanyi vyimonyogoje mugihugu
- Ubukene n’inzara bimereye nabi abanyagihugu
- Akarenganyo, nifungwa ry’abanyapolitique
- Gusubiramwo Ibwirizwa shingiro, kuko uko rimeze rikingira abatwara mugukora ibidakorwa, kandi bakaguma bidegenvya
- …
Ivyo nivyakorwa, azoba ari intango yokuva mukaga turimwo.
- Dusavye, intwaramiheto nabapolisi babajwe nibiriko biraba mugihugu, ko bokwitandukanya n’iyi leta, bagifise ayo bacira nayo bamira, kuko aho bukera kabiri birabakomerana, ukwihangana kwabanyagihugu kurafise aho kutarenga kandi ntanimpavu yogupfira ubasa kanatsinda hagwana umutima .
Nawe murundi, murundikazi, ukaba urushe kubwaho igihugu kigeze, FPM-Abatabazi tuguhaye ikaze, ngo dufatane munda mugutabara uburundi Imana yaduhaye.
Imana ihezagire uburundi
Murakoze
Umuvugizi wa FPM-Abatabazi
Colonel Mutoni Jean-Claude
Chef d’Etat Major
FPM-Abatabazi
Colonel Ntwari Israël
Vice-président Chargé de la Défense
ADN-Burundi