ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INAMA Y’ABANYAGIHUGU BAHARANIRA DEMOKARASI MURI IYI MISI DUHIMBAZA YUBIRE Y’IMYAKA 50 UBURUNDI BUMAZE BWIKUKIYE
- Imbere ya vyose, Umugambwe CNDD-FDD, Inama y’Abanyagihugu baharanira Demokarasi, ubanje gukengurukira Imana Rugiravyose yo yazigamye Uburundi gushika muri iyi misi y’imbonekarimwe, ikabusasagazamwo amahoro n’amahonda naho kaciyemwo amahoro n’umutekano bigahungabana mu bihe bimwe bimwe vyaranze kahise k’igihugu cacu c’Uburundi.
- Umugambwe CNDD-FDD urakeje Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi, indongozi itazimiza, we yitanze agakora uko ashoboye mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu akongera agahamagarira abarundi bose ku bikorwa, none ubu Uburundi bwacu bukaba bushajije.
- Umugambwe CNDD-FDD urakeje kandi Abarundi muri iyi misi twimirije umusi mukuru udasanzwe aho Uburundi buhimbaza yubire y’inzahabu, imyaka mirongo itanu iheze bwiganzuye bakavamahanga, maze ibendera ry’Uburundi rigahungabana.
- Umugambwe CNDD-FDD urashimiye bimwe bivuye ku mutima abenegihugu bose bitanze bimwe biboneka bakitaba akamo ka Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu mu gutegura uyu musi mukuru mu bikorwa, mu kwiyubakira inyubakwa zitandukanye kugira uyu musi ushike bafise ico berekana. Turabakeje bagire umusi mukuru mwiza kandi iyo ngendo nziza y’ugukorera igihugu batarindiriye akava imuhana bayigire umugenzo ndetse n’abandi bose bayifatireko akarorero gurtyo twubake igihugu cacu, tugiteze imbere gushika aho kitazoba kigiharurwa mu murwi w’ibihugu bikenye.
- Umusi mukuru w’imyaka mirongo itanu iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira si umusi mukuru usanzwe. Ni igihe co kwiyumvira kazoza k‘igihugu cacu umwe wese akibaza ku myaka mirongo itanu iri imbere aho yifuza ko Uburundi bwoba bugeze n’intererano yiteze gutanga no kuraga abana n’abuzukuru. Aha, ivyo twabonye n’ivyo twabayemwo vyotubera icirwa ku neza ya kazoza kacu nako abana bacu n’igihugu cacu.
- Umugambwe CNDD-FDD urakeje Umugambwe Uprona na cane cane ugashima ubutwari bw’umuganwa Rudoviko Rwagasore n’abandi Barundi bose bitanze batiziganya mu kugwanira Intahe yo Kwikukira. Iragi badusigiye ryo gukunda no kwigura Igihugu rizokwame ritubera akarorero keza twebwe n’uruvyaro rwacu.
- Umugambwe CNDD-FDD wifuza ko muri wa mugambi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira wimirije, ko n’ivyerekeye urupfu rw’Umuganwa Rudoviko Rwagasore vyoshirwa ahabona, maze Abarundi bakamenya imvo n’imvano vyatumye agandagurwa.
- Umugambwe CNDD-FDD urakeje inzego z’umutekano ku mwete n’ubwira vyaziranze cane cane mu bihe bitoroshe mu guteramira no kubungabunga amahoro n’umutekano vy’abarundi mu gihugu cose, ubu abarundi bakaba batekaniwe naho hatabura abagizibanabi n’abasuma bakirara ku mugono abenegihugu.
- Umugambwe CNDD-FDD urashima ingendo y’abarundi benshi, bo mu bwoko bwose, mu ntara zose, amadini yose imigambwe yose be n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, bagaragaje bimwe biboneka ko ubumwe bw’abarundi ariwo mushinge w’ibindi vyose na cane cane mu bihe vyari bigoye aho ubumwe bw’abarundi bwaba bwatosekaye.Abarundi bararengeye ibibatandukanya, baramirira kure inyigisho mbi, maze baguma bafatanye mu nda.
- Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwibagira gushimira ibihugu bibanyi, Incuti z’uburundi, amashirahamwe Mpuzamakungu ku ntererano batanze mu bisata bitandukanye cane cane mu kwicarira ibibazo bijanye n’umutekano vyari vyariziziye abarundi gurtyo ubu abenegihugu bakaba batekaniwe kandi igihugu gishitse ku ntambwe ishimishije. Nibanezerwane na twese abarundi kuko intambwe tugezeko n’abo bafisemwo uruhara ruboneka.
- Mu kurangiza, Umugambwe CNDD-FDD usubiye kwifuriza umusi mukuru mwiza Abarundi n’Uburundi, Uhamagarira abenegihugu kwitaba ibirori ari benshi, kuko ari umusi wo kunezerwa, no kwigina ibikorwa vyinshi kandi vyiza vyaranguwe n’Abarundi bonyene ubwabo.
Imana ihezagire abarundi n’uburundi n’ababubamwo bose,
murakoze!
Bujumbura, ku wa 27 Ruheshi 2012
Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD,
Umushingamateka Pascal NYABENDA
SOURCE : http//www.burundi-info.com